Uko wahagera

Amerika Izokwongerereza Imfashanyo Etiyopiya na Kenya


Abanyagihugu ba Etipiya barindiriye ubufungurwa n'amazi
Abanyagihugu ba Etipiya barindiriye ubufungurwa n'amazi

Reta irongowe na Prezida Donald Trump wa Amerika, yatangaje ko igiye kwongereza imfashanyo yari iherutse guha Ibihugu vya Etiyopiya na Kenya, ingana n’imiriyoni ijana na mirongo itandatu n'icenda z’amadolari y’abanyamerika. Ni mu ntumbero yo gutabara abasinzikajwe n’uruzuba rwinshi ruri mur’ivyo bihugu, muri kino gihe.

Ibiro vya Amerika, bijejwe iterambere kw’isi, USAID, bitangaza kw’iyo mfashanyo igizwe n’imiriyoni ijana na mirongo itatu na zitandatu z’amadolari, izohabwa Etiyopiya, n’ayashika imiliyoni mirongo itatu na zitatu z’amadolari zizotangwa muri Kenya. Izo mfashanyo zizokoreshwa m’ukubaronsa ibifungurwa vyihuta, imiti hamwe no kwivuza.

USAID ivuga kandi ko abanyagihugu ba Etiyopiya bashika ku miliyoni umunani bakeneye gutabarwa vyihuta, ngo mu gihe bitogenda uko, abenshi mubageramiwe bashobora guta ingo zabo.

USAID irongera ikavuga ko mu gihugu ca Kenya, abarenga ku miriyoni zibiri bugarijwe n’ibibazo bikomeye vyo kubura ibifungurwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG