Uko wahagera

Prezida Trump Yemeje Itegeko ry'Ibihano k'Uburusiya


Prezida Donald Trump wa Amerika
Prezida Donald Trump wa Amerika

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yateye igikumu kw’itegeko rijanye n’ibihano vyafatiwe Igihugu c’Uburusiya. Prezida Trump avuga ko ivyo bihano bizotuma ibintu vyunyuka, akavuga ko ingingo zigize iryo tegeko zitubahirije ibwirizwa shingiro.

Amerika yagiriza Uburusiya ko bwivanze mu matora yabaye m’umwaka uheze. N’itegeko kandi ryafatiye ibihano ibihugu vya Irani na Koreya ya Ruguru, rikongera rikabuza Umukuru w’Igihugu gukuraho ivyo bihano atabanje kubaza inama nshingamateka.

Kur’uyu wa gatatu, Prezida Trump yatangaje ko kubona Reta idashobora kugira ico ihindura kur’iryo tegeko, bizotuma itoroherwa kurangura ibikorwa yokoreye abanyagihugu, kandi ko bizotuma Ibihugu vy’Ubushinwa, Uburusiya na Koreya ya Ruguru bikorana hagati yavyo kurusha uko vyahora.

Nayo Umushikiranganji wa mbere w’Uburusiya, Dmitri Medvedev, yatangaje ko iryo tegeko rishasha risa n’aho ar’ugutera intambara y’urudandaza k’urugezo rukomeye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG