Uko wahagera

NIGERIA: Abasangiye Igitsina Bakundana 42 Bagirijwe Ivyaha


Igipolisi c’igihugu ca Nigeriya kiriko ciyumvira gushira ivyaha ku bagabo mirongo ine na babiri bahagaritswe mu gisagara ca Lagos bagirizwa ko bakundana n’abo basangiye ibitsina.

Ivyo vyerekana ukutihanganira na gato abakundana n’abo basangiye ibitsina kw’ico gihugu.

Mu mwaka w’i 2014, perezida w’igihugu gihe, Goodluck Jonathan yateye igikumu kw’itegeko riziririza ukwabirana, kubana n’ukwiyerekana ku mugaragaro ugukundana hagati y’abantu basangiye ibitsina.

Ibihano vyari hagati y’imayaka cumi n’imyaka cumi n’ine y’umunyororo. Naho ata numwe aragirizwa hisunzwe ayo mategeko, iryo tegeko ryarateye ubwoba abakundana n’abo basangiye ibitsina hamwe n’abihinduje ibitsina.

Ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye abantu batari bake barahagaritswe n’igipolisi mu gice citwa Owode-Onirin kiri mu buraruko bw’igisagara ca Lagos. Baratawe mu mvuto mu kurindira irindi tohoza.

Mu kwezi kwa kane abagabo 53 barahagaritswe mu ntara ya Zaria iri mu buraruko bwa Nigeriya. Bagirijwe ko bari mu bugeni bw’abantu basangiye ibitsina.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG