Uko wahagera

USA: Mike Pence Asaba Uburusiya Guhindura Ingendo


Visi-Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Mike Pence avuga kw’ingingo igihugu c’Uburusiya cafashe yo kwirukana abakozi bakorera Amerika m'Uburusiya, itazotuma Amerika idohoka ku mugambi wayo wo gukingira umutekano hamwe no gukingira ibihugu bicuditse na yo.

Mu kiganiro yatanze ejo ku musi wa mbere ari mu rugendo mu gihugu ca Georgia, Pence yavuze kw’’integuro y’itegeko ritegekanya ibihano bizofatirwa Uburusiya, Perezida Trup azoterako igikumu mu misi iri imbere, ritanze ubutumwa butomoye, buvuga k'Uburusiya gitegerezwa guhindura inyifato yaco ku bijanye n’ibikorwa gikora muri Ukraine, hamwe n’’umugambi waco wo gushigikira Irani hamwe na Siriya.

Abashingamateka hamwe n’abakenguzamateko muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, baratoye ari benshi interuro y’amategeko ahana Uburusiya kuko cisutse mu matora yo muri Amerika yo mu 2016, kiriko kigerageza gufasha Trump ngo ayatsinde. Iyo nteguro y’ayo mategeko irafatira kandi ibihano igihugu ca Irani hamwe n’igihugu ca Koreya ya ruguru.

Igihugu c’Uburusiya caciye gisubiriza mu nkoko Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu gufata ingingo yo kwirukana abakozi 755 ku bakozi 1200 bakora mu biro vya Ambassade ya Amerika m'Uburusiya.

Visi-Perezida Pence ari mu rugendo mu bihugu bitandukanye rufise umugambi wo kuvyereka ko Amerika iri inyuma yavyo mur’iyo ntara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG