Uko wahagera

Amerika Yafatiye Ibihano Prezida Maduro wa Venezuela


Steve Mnuchin, Umushikiranganji w'Ikigega ca Reta muri Amerika.
Steve Mnuchin, Umushikiranganji w'Ikigega ca Reta muri Amerika.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yafatiye ibihano Prezida Nicolas Maduro wa Venezuela, inyuma y’aho atunganirije amatora adaciye mu mategeko, y’abashingamateka, mu ntumbero yo gusubiramwo ibwirizwa shingiro.

Ubutunzi bwose bwa Prezida Maduro, busanzwe buri muri Amerika bwafashwe, co kimwe n’ingingo yo kudasubira gukorana nawe igikorwa na kimwe. Steven Mnuchin, Umushikiranganji w’ikigega ca Reta hano muri Amerika yatangaje kur’uyu wa mbere, ku bijanye n’ivyo bihano, avuga ko Prezida Maduro atwaza igitugu abanyagihugu.

Ivyo bihano bije bikurikira ivyari vyatangajwe mu ndwi iheze, vyahawe abategetsi bamwe bamwe b’Igihugu ca Venezuela, abubu co kimwe n’abahoze bajejwe amabanga muri kahise.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya rimenyesha naryo nyene ko ritazokwemera iyo nama nshingamateka nshasha. Ibindi bihugu vyiyamirije ivyavuye mur’ayo matora n’ibihugu vya Canada, Espagne hamwe n’ibihugu vyose biri mu karere ka Amerika bikoresha ururimi rw’ikilatini.

N’aho bir’uko, Prezida Maduro avuga ko ivyo bihano ataco bivuze, na cane cane ivyatanzwe na Amerika, avuga ko ar’umwansi wa Venezuela. Reta ya Venezuela yemeza ko abantu baharugwa ku miliyoni umunani aribo bitabiye ayo matora. Ni mu gihe ivyigwa vyakozwe, vyari vyatangaje ko ibice mirongo indwi kw’ijana vy’abanyagihugu batemera ayo matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG