Uko wahagera

Kenya: Umwe mu Bategetsi b'Umurwi w'Amatora Yarishwe


Christopher Msando, yagandaguwe. Yar'Umuyobozi w'igisata kijejwe ubuhinga bwa none m'umurwi w'amatora, mu gihugu ca Kenya.
Christopher Msando, yagandaguwe. Yar'Umuyobozi w'igisata kijejwe ubuhinga bwa none m'umurwi w'amatora, mu gihugu ca Kenya.

Muri Kenya igipolisi catangaje ko kiri mu matohoza y’abishe umwe mu bategetsi b’umurwi ujejwe gutunganya amatora, Msando Christopher, yatowe ar’ikiziga kur’uyu wa mbere, mu gihe hasigaye iminsi mike ngw’amatora atangure.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umukuru w’igipolisi muri Kenya, Joseph Boinnet, yatangaje ko Msando yatwawe mu bubiko bw’abitavy’Imana, k’umunsi wa gatandatu, ku nkengera z’igisagara ca Nairobi, yamara ko yagiye kumenyekana kur’uyu wa mbere.

Boinnet avuga ko igipolisi gifata urwo rupfu nk’ikintu gikomeye, kandi ko gushik’ubu amatohoza kiriko kirakora ashobora kugishikana ku bakoze ubwo bwicanyi. Iryo tangazo ntirivuga imvo zatumye Msando yicwa.

Christopher Msando yahora arongoye igisata kijejwe ubuhinga bwa none, m’umurwi ujejwe gutunganya amatora, akaba yar’asanzwe atahura cane ubuhinga buzokoreshwa mu matora ategekanijwe kuba mu ndwi iza.

Wafula Chebukati, umukuru w’uwo murwi avuga ko ata nkeka ko Msando yishwe, akavuga ko ikibazo ar’ukumenya igituma yishwe, n’uwamwishe.

Abaserukira Ibihugu vya Amerika n’Ubwongereza muri Kenya, batangaje ko ibihugu baserukira bitewe amakenga menshi n’urwo rupfu, bamenyesha kandi ko bemeye gufasha mu gikorwa co gukora amatohoza kur’ubwo bwicanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG