Uko wahagera

Australiya Caburijemwo Igitero c'Iterabwoba


Umushikiranganji wa mbere wa Australiya avuga ko baburijemwo abantu bariko barategura umugambi w’iterabwoba war’ugamije gukorora indege.

Igiporisi kimenyesha ko camaze guhagarika abantu bane bakekwa mur’uyo mugambi kandi ko ingingo zo gukomeza umutekano zafashwe mu bibuga vy’indege vyose bikomeye mur’ico gihugu.

Umushikiranganji wa mbere wa Australiya, Malcolm Turnbull yatangarije abamenyeshamakuru ko igihugu ciwe kibangamiwe n’abakora iterabwoba.

Umugore avuga ko umuhungu wiwe n’umugabo wiwe bari mu bafashwe yahakanye ko atamigenderanire bafitanye n’iterabwoba.

Mwomenya ko kuva mu mwaka w’ 2014, abantu 70 aribo bamaze gufungwa inyuma y’ibikorwa vyo gukurikirana abakora iterabwoba bimaze kuba mur’ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG