Uko wahagera

USA: Abashingamateka Bemeranije Kwongereza Ibindi Bihano k'Uburusiya


Icicaro c'ibiro vy'inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe z'Amerika
Icicaro c'ibiro vy'inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe z'Amerika

Abashingamateka ba Reta zunze ubumwe z'Amerika batoye ingingo yo gutegura ibindi bihano ku gihugu c’Uburusiya, Irani, na Koreya ya rurguru. Biteguriye kurungikira integuro y’iryo tegeko umukuru w’igihugu Donald Trump kugira aryemeze.

Ivyo vyatangajwe kumugoroba wo kur'uyu wa gatatu n’umukenguzamateka Bob Corker. Aho yavuze kw’iyo ngingo bayiganiriye na Keven McCarthy umukuru w’Abarepublika bagize igitigiri kinini c’abashingamateka b'Amerika.

Aho ni inyuma y'aho McCarthy nyene yari yaragwanije iyongeramwo mu mugwi w’ivyo bihugu, Koreya ya ruguru. Yavuga kw’ibihano bijanye n'ico gihugu bikwiye gutorerwa itegeko ritandukanye n’ivyo bindi bihugu.

Ku musi wa gatatu nyene, icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’amakungu w’Uburusiya yavuze ko Reta y’Uburusiya ishobora guca yihora mugihe ivyo bihano vyoja mu ngiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG