Uko wahagera

Amerika Yakomeje amategeko y'Umutekano ku Bibuga vy'Indege


Isakwa ry'umutekano, ku ngenzi zinjira muri Amerika, ku kibuga ca LaGuardia, i New York.
Isakwa ry'umutekano, ku ngenzi zinjira muri Amerika, ku kibuga ca LaGuardia, i New York.

Ibiro bijejwe umutekano w’uruja n’uruza muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyakomeje ingingo zijanye n’umutekano ku bibuga vy’indege vya Amerika, zivuga ko ibikoresho vyose bikoresha umuyagankuba, kiretse amatelephone ngendanwa, bitegerezwa gusakwa ukwavyo.

Abakozi bo mur’ico gisata bagiye gutangura gusaba ingenzi gukura imashini zabo mu masakoshi, bakazishira bo nyene mu masaho ajejwe kuzipima. Ivyo biro vyatangaje kandi ko iyo ngingo yafashwe bivuye ko umutekano mu ndege usigaye ubangamiwe cane.

M’ukwezi kwa gatanu, ibiro bijejwe uruja n’uruza vyari vyatangaje ko bigiye kugerageza izo ngingo ku bibuga vy’indege bishika kuri cumi. Bivuga ko ico gikorwa caganze neza, k’ubu bitegekanya gukoresha iyo ngingo k’ubutaka bwose bwa Amerika.

Umushikiranganji John Kelly, ajejwe umutekano wo mu gihugu yatangaje inyuma y’aho, ko amashirahamwe y’indege ashika kw’ijana na mirongo umunani, yinjira muri Amerika, avuye ku bibuga vy’indege bishika ku majana abiri na mirongo umunani kw’isi, ategerezwa kugaba bikomeye k’umutekano.

Izo ngingo zatanguye gushigwa mu ngiro kuva kw’itariki ya cumi n'icenda z’ukwezi kw’indwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG