Uko wahagera

Ubutaliyano Bwaronkejwe Ayandi mafaranga yo Kwakira Abimukira


Abimukira k'umupaka w'Ubutaliyano, mu gisagara ca Sicily
Abimukira k'umupaka w'Ubutaliyano, mu gisagara ca Sicily

Umurwi w’Ibihugu vya Buraya watangaje ko ugiye gutanga amafanga angana n’imiliyoni ijana na cumi na zitandatu z’amadolari ku gihugu c’Ubutaliyano, kugira ugifashe gutorera umuti ikibazo c’abimukira binjira baciye mw’ibahari mediterane.

Ivyo vyatangajwe na Jean Claude Juncker, umukuru w’uwo murwi, kur’uyu wa kabiri, aho yavuze ko yashinze umurwi udasanzwe kugira ukorane n’abategetsi b’Igihugu c’Ubutaliyano. Iyo mfashanyo yongererejwe ku bice bishika kuri cumi na bibiri n'igice kw’ijana y’ayar’amazwe gushikirizwa Ubutaliyano. Ubu iyo mfashanyo ikaba ikwije umuliyalidi w’amadolari.

Junker yagabishije Igihugu ca Bangladesh ko cokwakira abanyagihugu baco, bivuye ko abenshi muribo badafise uburenganzira bwo gukingirwa.

Abajejwe gutabara mw’ibahari mediterane bamenyesha ko mu ndwi iheze, batoye ibiziga vy’abantu bashika kuri cumi na batatu, harimwo n’abakenyezi bibungenze, abashika kw’ijana na mirongo itandatu n'indwi nibo barokotse.

Abimukira bashika ku bihumbi mirongo umunani na bine nibo bamaze kwinjira aho m’Ubutaliyano, kuva mu ntango z’uyu mwaka. Abenshi mur’abo bakaba bava mu bihugu vya Nijeriya, Bangladesh na Guinee.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG