Uko wahagera

Inzara Mu Nkambi Ya Nduta Itumye Abarundi Bamwe Bataha


Imiryango irenga 3,000 y’Abarundi bahungiye mw’ikambi iri I Nduta muri Tanzaniya imaze kwiyandisha ishaka gutahuka. Iyo miryango ivuga ko yomowe n’inzara iri muriyo kambi.

Urutonde zifuza gutahuka mu gihugu c’amavukiro rumanitse mu kigo c’uwutwara iyo kambi.

Urwo rutonde ruriko imiryango 3,048. Harimwo imiryango irimwo umuntu umwe canke abarenga batandatu, gutyo bigatuma abantu bose hamwe bari kuri urwo rutonde barenga ibihumbi 15.

Abavuganye n’Ijwi ry’Amerika bavuga ko inzara ariyo yatumye baja kwiyandikisha ngo basubire mu Burundi.

Naho biruko, hari n’abandi bamenyesha ko batarumva ko batekaniwe mu mitima yabo kugira ngo basubire mu gihugu c’amavukiro.

Abo barenga 15,000 bafashe ingingo yo gusaba gutaha bagwiriyemwo impunzi ziba aho bita muma zone, kuva muy’9 gushika muri zone ya 21.

Ayo mazone n’ayashikiyemwo Abarundi bahunze kuva mumpera z’umwaka uheze w’2016.

Abo, nkuko bivugwa na bamwe mubarongoye abandi, bagwiriyemwo abagumye bahimiriza abandi bagenzi babo gutahuka kuva bagishika. Ninaho izindi mpunzi zifatira mu kwikeka ko boba bahunze bafise uwundi mugambi.

Gushika ubu nta kirangaminsi kiramenyekana c’aho izo mpunzi zizotahira, ingene zizotaha, aho zizoshikira canke imfashanyo zizohabwa.

Mu ntango z’iyi ndwi, iyo kambi ya Nduta irimwo impunzi z’Abarundi zirenga 126,000 yaragendewe n’abaserukira ibiro vy’umuhuza mu matati y’Uburundi, abaserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika hamwe n’abaserukira umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

Izo ntumwa zemereye impunzi zose zishaka gutahuka ko zizofashwa mu minsi ya mbere bamaze gushika mugihugu c’amavukiro. Abatarashaka gutaha nabo bemerewe gukingirwa bikwiye, banabwirwa ko atawuzokwigera abirukana ku nguvu kuko aruburenganzira bwabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG