Uko wahagera

Turukiya: Abaharanira Agateka ka Muntu 6 Batawe mu Mvuto


Abaharanira agateka ka zina muntu batandatu batawe mu mvuto.
Abaharanira agateka ka zina muntu batandatu batawe mu mvuto.

Muri Turukiya, abaharanira agateka ka zina muntu batandatu batawe mu mvuto, harimwo n’umukuru w’Ishirahamwe Amnesty International. Abo bantu bafashwe n’igipolisi, aho bari mw’ihoteri, mu nama y’umutekano, bahobwa ko bafashije abiyahuzi.

Kur’uyu wa kabiri sentare ya Istanbul yatanze itegeko ry’uko abo bafashwe batazorekurwa badaciriwe urubanza. Ivyegeranyo vyasohotse mu bimenyeshamakuru bivuga ko abo bantu bafashwe, baturuka mu bihugu vy’Ubudagi no m’Ubuswise, bagirizwa ko bakoranye n’abanywanyi b’umuhari w’aba kurde, uregwa kuba ukorana n’umu isilamu Fettulah Gulen. Gulen yagirizwa ko yatunganije igikorwa co kugomba guhirika ubutegetsi bwa Prezida Recep Tayyip Erdogan.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yasavye Turukiya kurekura abo bantu, ikongera igakura igihugu mu bihe bidasanzwe, bituma haba gufata abantu ataco bagirwa, nk’uko vyatangajwe n’umuvugizi wa Departema ya Amerika, Heather Nauert.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG