Uko wahagera

Uburayi Bwafatiye Ibihano Bamwe mu Gisirikare ca Siriya


Abasirikare bayoboka Prezida Bashar al-Assad wa Siriya.
Abasirikare bayoboka Prezida Bashar al-Assad wa Siriya.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yashimye ingingo yafashwe n’Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, ku bijanye n’ibihano yafatiye abategetsi bakomeye bashika kuri cumi na batandatu, muri Siriya, bagizwe n’abasirikare hamwe n’abahinga baregwa ko bagize uruhara mu bitero vy’ubumara vyakozwe ku banyagihugu ba Siriya.

Heather Nauert, umuvugizi muri Departema ya Amerika, yatangaje ko Amerika, hamwe n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, bagerageza guhagarika Reta irongowe na Bashar al-Assad, mu bikorwa vyayo biciye kubiri n’amategeko mpuzamakungu, ku bijanye no gukoresha ibirwanisho vy’ubumanra.

Abo bategetsi cumi na batandatu ba Siriya bafatiwe ibihano, babujijwe gufata ingendo mu bihugu bigize Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, bongera bafatirwa ubutunzi bwabo busanzwe bubitswe mur’ivyo bihugu. Ingingo yashimwe kandi n’Ubwongereza, nk’uko vyatangajwe n’umushikiranganji wabwo ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Boris Johnson.

ONU imenyesha ko iriko irakora amatohoza ku gitero cakozwe muri Siriya hakoreshejwe ivyuka vy’ubumara, m’ukwezi kwa kane. Ico gitero cahitanye abantu bashika kuri mirongo umunani n'indwi. Reta ya Siriya irahakana ivyo bitero, mu kuvyitirira abiyahuzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG