Uko wahagera

Siriya: Agahengwe k'Intambara Kashizwe mu Ngiro


Igisagara ca Homs, kimwe mu bisagara vyugarijwe n'intambara muri Siriya
Igisagara ca Homs, kimwe mu bisagara vyugarijwe n'intambara muri Siriya

Muri Siriya, Ibihugu vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Uburusiya vyumvikanye kur’uyu w’Imana, ku bijanye no guhagarika intambara, imbere y’uko ibiganiro bitunganywa n’Ishirahamwe ONU, bisubira gutangura, mu ntumbero yo guheza iyo ntambara imaze imyaka 6 aho muri Siriya.

Abakurikiranira hafi ibibera muri Siriya bavuga ko kuva k’umugoroba wo kur’uyu w’Imana ata ntambara zabaye mu ntara zitatu ziri m’uburaruko, zivugwa ko zigiye kubonekamwo agahengwe.

Prezida Donald Trump wa Amerika yatangaje ko ashimishwa n’uko izo ntambara zahagaze. Avuga kandi ko ubu hageze ko bater’intambwe bakumvikana n’Igihugu c’Uburusiya kuvyubaka aho muri Siriya.

Abategetsi ba Amerika, Uburusiya na Jordaniya baganiriye ku bijanye no guhagarika intamabara muri Siriya, mu nama bahuriyemwo y’Umurwi G20, mu ndwi iheze, mu gihugu c’Ubudagi. Umwe mu bategetsi ba Siriya yabwiye ikinyamakuru Reuters c’abongereza, ko biteguye kwakira ingingo yose yoza itorera umuti ayo matati, biciye mu mahoro. Yamara mw’itangazo ryasohowe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Bashar-al-Assad, rivuga ko batemera ivyapfunditswe mur’iyo nama ya Amerika, Uburusiya na Jordaniya.

Kur’uyu wa mbere niho abaserukira Reta ya Siriya, n’abatavuga rumwe nayo, bategekanya gusubira guhurira I Geneve, m’Ubuswise, mu nama yatunganijwe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG