Uko wahagera

Umubonano wa Prezida Trump na Pena Nieto wa Mexique


Prezida Enrique Pena Nieto wa Mexique (i bubamfu), na Prezida DOnald Trump (i buryo), m'umubonano bagiranye mu gihugu c'Ubudagi.
Prezida Enrique Pena Nieto wa Mexique (i bubamfu), na Prezida DOnald Trump (i buryo), m'umubonano bagiranye mu gihugu c'Ubudagi.

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yabonanye na mugenzi we wa Mexique, Enrique Pena Nieto, ku ncuro ya mbere kuva atanguye amabanga yo kurongora Igihugu

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, aho yari mu nama y’umurwi G20, iriko ibera m’Ubudagi, Prezida Trump yagarutse ku bijanye n’uko Mexique yoriha amafaranga yo kwubaka uruhome rugabura ivyo bihugu ukw’ari bibiri.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Mexique n’ayandi makungu, Luis Videgaray, yatangaje ko ikibazo co kwubaka uruhome kitari muvyo abo bategetsi babiri baganiriye.

Prezida Trump yatangaje ko umubonano yagiranye na Prezida Pena Nieto wabatumye kugira intambwe zikomeye mu biganiro vyo kwumvikana ku migenderanire yo guhanahana ibidandazwa mu karere ka Amerika yo m’uburaruko. Prezida Pena Nieto yatangaje ko iyo nama izobafasha kubandanya ibiganiro bijanye n’iyo migenderanire Prezida Trump yiyemeje gusubiramwo uburyo isanzwe itunganijwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG