Uko wahagera

RDC: Abasirikare Bagirizwa Ubwicanyi Baciriwe Urubanza


Ubucamanza bw’igisirikare muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo bwaciriye umunyororo w’iigihe kirekire abasirikare umunani, bagirizwa ko bishe abanyagihugu mu ntureka zabereye mu ntara ya Kasiyi, mu mwaka uheze.

Babiri mur’abo basirikare baciriwe umunyororo w’imyaka mirongo ibiri, batatu bacirwa imyaka cumi n'itanu, mu gihe hari babiri bari baratorotse abajejwe kubacungera, nabo baciriwe umunyororo wo guherayo. Ividewo yasohotse yerekana abasirikare bariko baratambuka hagati y’ibiziga bishika kuri mirongo ibiri, birambitse mw’ibarabara.

Izo ntureka zadutse inyuma y’aho Kamwina Nsapu, umutegetsi mur’ako karere yiciwe n’abasirikare ba Reta. Ni mu gihe kandi hari habaye imyiyerekano yo kwiyamiriza Reta ya Kongo.

Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, co kimwe n’amashirahamwe y’abaharanira agateka ka zina muntu avuga ko izo ntureka zahitanye abantu bashika ku bvihumbi bitatu, n’abaharugwa m’umuliyoni bataye izabo bagahunga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG