Uko wahagera

Amerika Iriteguye Guhangana na Koreya ya Ruguru


Nikki Haley, mu nama y'Umutekano ya ONU.
Nikki Haley, mu nama y'Umutekano ya ONU.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje kur’uyu wa gatatu mu nama y’umutekano ya ONU ko yiteguye gukoresha uburyo bwa gisirikare mu ntumbero yo kwikingira ibitero vya misile bikorwa na Koreya ya Ruguru. Yamara ko vyoba vyiza habanje gukoreshwa uburyo bwo kuganira hamwe n’ubutunzi.

Nikki Haley, aserukira Amerika muri ONU avuga ko inteko za gisirikare za Amerika, ziri muri Aziya y’ubuseruko zagavye. Halley yabwiye Inama y’umutekano ya ONU ko bazozikoresha ari hamwe bikenewe, ariko ko batipfuza gushika kur’urwo rugero.

Liu Jieyi, aserukira Ubushinwa muri ONU yatey’ivyatsi ivyo bitero vya misile Koreya ya Ruguru iheruka gukora, m’ukuvuga ko ar’ukurenga ku mategeko yashinzwe na ONU. Yamara ntaco yavuze ku bijanye n’ibihano bishasha. Yahakanye kandi iciyumviro co gukoresha abasirikare mu karere ka Koreya.

M’ukwezi kwa kabiri, Ubushinwa bwaratangaje ko buhagaritse kurangura amazutu bwahora burangurira muri Koreya ya Ruguru, gushika mu mpera z’uyu mwaka. Ni mu gihe Ubushinwa ar’ico gihugu ca mbere kirangura amazutu menshi muri Koreya ya Ruguru. Ivyo bikazotuma Koreya ya Ruguru ihahombera amafaranga aharugwa mu m’amiliyoni amajana y’amadolari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG