Uko wahagera

Venezuela: Inama Nshingamateka Ikikujwe n'Abitwaje Ibirwanisho


Venezuela
Venezuela

Muri Venezuela, havugwa abanywanyi b’umugambwe wa Prezida Nicolas Maduro bakikuje ingoro y’inama nshingamateka, bafise ibigwanisho. iyo nyubakwa irimwo abashingamateka batavuga rumwe n’ubutegetsi, bashika kw’ijana na cumi na babiri, abanyagihugu hamwe n’abamenyeshamakuru.

Umwe mu bagizwe imbohe mur’iyo nyubakwa, yabwiye Ijwi rya Amerika ko batariko bararekurwa, kandi ko kugerageza kuva mur’iyo nyubakwa bisa n’ukwiyahura. Iyo nyubakwa ikikujwe kandi n’abajejwe umutekano, yamara bivugwa ko ataco bariko barakora kugira bigizeyo abo bitwaje ibirwanisho, bashobore no kurekuza abagizwe imbohe.

Abo banywanyi ba Prezida Maduro, basaba ko inama nshingamateka itanga imihoho. Mu gitondo co kur’uyu wa gatatu, mu nyubakwa y’inama nshingamateka hari hadutse imishamirano, yatumye abantu bashika kuri cumi na batanu bakomereka.

Prezida Maduro yaratangaje ko hategekanijwe amatora adashanzwe kw’itariki ya mirongo itatu z’uku kwezi kw’indwi, mu ntumbero yo guhindura ibwirizwa shingiro. Avuga ko aribwo buryo bwonyene buhari bwo guhagarika izo ntureka. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe bakavuga ko nyabuna ayo matora yar’akwiye gukorwa n’abanyagihugu, kugira bemeze nimba bakeneye ibwirizwa shingiro rishasha.

Haraheze amezi atari make Igihugu ca Venezuela kirimwo intureka za politike n’ubutunzi. Imyiyamamazo y’urutavanako, ikorwa n’impande zishigikiye Reta n’izitayishigikiye zikaba zimaze guhitana abantu bashika kw'jana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG