Uko wahagera

Venezuela: Imyiyerekano Yaranzwe n'imidugararo


Abajejwe umutekano muri Venezuela, bariko barahangana n'abari mu myiyerekano.
Abajejwe umutekano muri Venezuela, bariko barahangana n'abari mu myiyerekano.

Prezida Nicolas Maduro, wa Venezuela, yatangaje ko indege ya kajugujugu yashatse gukora igitero ku nyubakwa ya sentare nkuru, kur’uyu wa kabiri, mu gihe imyiyerekano yo kwiyamiriza Reta ibandanya.

Nta vyinshi Prezida Maduro yatangaje ku bijanye n’ico gitero, yamara yavuze ko abiyahuzi bagerageje gutera grenade bari mur’iyo ndege, ntiyaturika. Prezida Maduro amenyesha ko yahaye itegeko inteko zidasanzwe z’Igihugu ryo gukoresha inguvu kur’abo bose bariko barakoresha inguvu.

Haraheze amezi atari make Igihugu ca Venezuela kirangwamwo imidugararo, gushika ubu abashika kuri mirongo indwi na batanu bakaba bamaze kuhasiga ubuzima. Ibibazo bitandukanye vyugarije Igihugu, vyatumye ubutunzi bugeramigwa, bituma abanyagihugu batakironka ivyangombwa bakenera m’ubuzima bwa minsi yose.

Prezida Maduro asaba ko Inama nshingamateka yosubiramwo gutora ibwirizwa shingiro, ko arico gishobora guheza ivyo bibazo. Yamara abo batavuga rumwe bavuga ko ariko arondera kugumiza ku ntwaro umugambwe aturukamwo w’aba socialiste, bagasaba nyabuna ko hatunganywa amatora bwa vuba.

Prezida Maduro yagiriza Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika ko arico cateye izo ngoranze ziri mu gihugu ciwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG