Uko wahagera

Perezida wa Brezil Yagirizwa Kurya Ibiturire


Perezida wa Brezil Michel Temer
Perezida wa Brezil Michel Temer

Umushikirizamanza mukuru wa Brezil yagiriza Perezida Michel Temer w’ico gihugu icaha co kurya ibiturire.

Rodrigo Janot yashikirije k’umugaragaro kur’uyu wa mbere ko Temer yahawe n’ikompanyi ikomeye itekera inyama ibihumbi 150 vy’amadolari y’Abanyamerika mu ntango z’uyu mwaka. Icaha Michel Temer yamiriye kure mu kuvuga kandi ko atarota atanga imihoho.

Bitegekanijwe ko inama nshingamateka y’ico gihugu ikorana kugira yige kur’ivyo vyaha yagirizwa. Mugihe bibiri kuri bitatu vy'abayigize botora kumukura k’ubutegetsi yoba ahambije Dilma Roussef yaheruka gusubirira m’umwaka uheze yagirizwa guca kubiri n’itegeko ry’amafaranga reta ikoresha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG