Uko wahagera

Nta Kazoza k'Amasezerano y'Amahoro Muri Centrafurika


Umushikiranganji w'imigenderanire wa Centrafrika Charles Armel Doubane, iburyo, na Armel Mingatoloum Sayo, aserukira imirwi irwanya Reta bahejeje gusinya amasezerano y'amahoro
Umushikiranganji w'imigenderanire wa Centrafrika Charles Armel Doubane, iburyo, na Armel Mingatoloum Sayo, aserukira imirwi irwanya Reta bahejeje gusinya amasezerano y'amahoro

Amasezerano mashasha y’amahoro yateweko umukono na reta ya centrafrika hamwe n’imihari 13 ikomeye iyirwanya abonwa nk’uko ata cizere c’uko atazoshirwa mu ngiro.

Ayo masezerano yasinywe k’umusi wa mbere I Roma m’Ubutaliyano yari yatanze icizere co guhagarika intambara no guha imyanya muri reta abaserukiye imihari irwana.

N’amasezerano yaje akurikira ayandi yasinywe n’imihari irwana mu myaka ya 2014 na 2015 muri centrafrika, yose ntiyubahirijwe.

Inyuma y’amasaha make ayo masezeranyo ateweko imikono, imirwano yaciye yaduka mu gisagara ca Bria, kirwiriyemwo ubutare bwa Diyama, hafi y’ibilometero 600 uvuye k’umurwa muri Bangui.

Umukuru w’ico gisagara yavuze ko abanyagihugu barenga 100 bishwe, nayo umuryango w’abaganga batagira imbibe washikirije ko 43 bakomeretse.

Kuva hatanguye indyane zifatiye ku madini m’umwaka wa 2013, abantu baharurwa mu bihumbi amajana barataye ingo zabo, mur’ico gihugu cahoze m’ubukoloni bw’Ubufaransa kandi kiri mu bihugu bikenye cane kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG