Uko wahagera

Ketumile Masire wa Botswana Yitabye Imana


Nyakwigendera Ketumile Masire
Nyakwigendera Ketumile Masire

Uwahoze ari perezida wa Botswana, Ketumile Masire, yitavye Imana ejo ku musi wa kane afise imyaka 91.

Masire yaragize uruhara rukomeye mu twigoro tw’uguhagarika uruhagarara n’ubwicanyi hagati ya Reta ya Mozambike n’umugambwe utavuga rumwe na Reta, RENAMO. Yari mu murwi w’abahuza mpuzamakungu.

Umuhari RENAMO wamaze imyaka 16 urwanya Reta ya Mozambike, mu ngwano yarangiye mu mwaka y’i 1992, waranse kwemera ivyavuye mu matora yo mu mwaka w’i 2014. Ico gihe umugambwe RENAMO wari wasubiye gutsindwa n’umugambwe FRELIMO, mu vyatumye haba ugutana mu mitwe mu gihugu mu mwaka uheze.

Masire yitavye Imana mu bitaro ku murwa mukuru wa Botswana, Gaberone ku muhingamwo wo ku musi wa kane. Ivyo vyatangajwe n’umunyamabanga mukuru wiwe, Fraser Tlhoiwe. Masire yari yajanywe mu bitaro kwibagisha kw’italiki 16 z’uku kwezi kwa gatandatu.

Ketumile Masire yayoboye Botswana inyuma yuko Perezida Seretse Khama yitavye Imana mu mwaka w’i 1980. Yavuye ku butegetsi ku gushaka kwiwe mu mwaka w’i 1998, inyuma yuko ashikanye igihugu kw’iterambere ry’ubutunzi ntangere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG