Uko wahagera

Nta Munyabulayi Azirukanwa m'Ubwongereza


Umushikiranganji wa mbere w'ubwongereza,Theresa May
Umushikiranganji wa mbere w'ubwongereza,Theresa May

Ubwongereza bumenyesha ko butazowirukana umunyabulaya aba mur’ico gihugu mu gihe buzoba buvuye mur’uyo muryango w’ubumwe bwa Bulaya. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May mu nama y’uwo muryango yabereye I Buruseli m’Ububiligi.

Ariko May, yaragabishije abakuru b’ibihugu 27 bisigaye mur’uyo muryango ko reta yiwe itazigera yemera ko sentare y’uwo muryango yivanga mu manza zerekeye uburenganzira bw’abo banyabulaya niyava mur’uyo muryango.

Mwomenya ko imiliyoni zirenga zitatu z’abanyabulaya arizo ziba m’Ubwongereza mu gihe umuliyoni urenga w’Abongereza nabo baba mu bindi bihugu vy’uwo muryango.

Kazoza k’abo banyagihugu biri mu bintu bitatu vyihutirwa abanyabulaya bipfuza kuganirako n’Ubwongereza imbere yuko buva burundu muri wo m’ukwezi kwa gatatu umwaka wa 2019.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG