Uko wahagera

ONU Ihangayikishijwe n'Impunzi z'Abanyanijeriya Zitaha


Filippo Grandi, Umutegetsi mukuru w’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe impunzi, HCR
Filippo Grandi, Umutegetsi mukuru w’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe impunzi, HCR

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryerekanye impungenge ku kugaruka kw’impunzi z’abanyanijeriya mu bururaruko bushira ubuseruko bw’igihugu mu karere ka Banki zivuye mu gihugu ca Kameruni.

Akarere ka Banki karasinzikanjwe n’umugumuko w’umurwi w’intagondwa z’abayislamu, Boko Haram. Ako karere kandi ntikoroshe gushikanamwo imfashanyo.

Umutegetsi mukuru w’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe impunzi, HCR, Filippo Grandi yatangaje kw’afise impungenge zikomeye ku gitigiri c’impunzi z’abanyanijeriya bari muri Kameruni ziriko zigaruka mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeriya, igice kititeguriye kuzakira.

Igisirikare ca Reta ya Nigeriya cafashe igisagara ca Banki mu kwezi kw’icenda mu mwaka w’i 2015.

Ivyo inyuma y’ugutana mu mitwe gukomeye n’abarwanyi b’umurwi Boko Haram, umugumuko wabo umaze guhitana abantu ibihumbi mirongo ibiri kuva mu mwaka w’i 2009.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG