Uko wahagera

Ikibombe Cahitanye Abantu 10 muri Somaliya


Inyubakwa yasambuwe n'ikibombe ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho
Inyubakwa yasambuwe n'ikibombe ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho

Bombe yari yatezwe mu modoka ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadishso, yahitanye abantu cumi abandi 18 barakomereka, uno musi ku wa kabiri. Ivyo vyatangajwe n’abavyiboneye hamwe n’abategetsi bo ku murwa mukuru, Mogadisho.

Umurwi w’iterabwoba, al-Shabab wiyitiriye igitero c’uno musi ku wa kabiri ku nyubakwa ya Reta iri mu gice c’umurwa mukuru citwa, Wadajir.

Bisi yari yuzuye amabombe yasetse iyo nyubakwa hafi ya sasita n’iminuta mirongo ine zo ku mutaga mu masaha yo ku murwa mukuru, Mogadisho. Abavyiboneye bavuga ko umudereva w’iyo bisi bavuga ko yaturikije amabombe yari muriyo imbere y’iyo nyubakwa ya Reta. Benshi mu bapfuye bari imikangara yar’ikoraniye mur’iyo nyubakwa.

Umurwi al-Shabab warongereje ibitero vy’abiyahuzi ku murwa mukuru, Mogadisho mur’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG