Uko wahagera

Burundi: Bunyoni Yahamagariye Abasirikare n’Igipolisi Kutavanga Imirimo Yabo na Politike


Umushikiranganji w'umutekano mu Burundi Alain Guillaume Bunyoni aramukanye n'umuvugizi w'igipolisi Pierre Nkurikiye
Umushikiranganji w'umutekano mu Burundi Alain Guillaume Bunyoni aramukanye n'umuvugizi w'igipolisi Pierre Nkurikiye

Umushikiranganji w'umutekano mu Burundi Alain Guillaume Bunyoni ahamagarira abari mu nzego z'umutekano bifuza gukina politike kubanza gutanga imihoho aho kwiyumvira ihirikwa ry'ubutegetsi.

Uwo mushikiranganji yabishikirije kuri uyu w’Imana igihe abasirikare n’abapolisi bahimbaza umusi w'isakaramentu ryeranda.

Musenyeri mukuru wa Archi dioseze ya Bujumbura Évariste Ngoyagoye nawe yasavye inzego z'umutekano gukorera abarundi bose.

Mw’isihure rikuru rya gisirirkare Iscam muri zone Musaga mu bumanuko bwa Bujumbura niho abasirikare n’abapolisi bashimye guhurira na cane cane abakirisu bo muri katolika kugira bahimbaze umusi mukuru w’isakaramentu ryeranda.

Mu nkuka ya misa musenyeri Ngoyagoye yavuze ko iyo hagize ikintu kitagenda neza mu gisata kimwe bigira ingaruka mbi ku buzima bw’igihugu cose.

Ngoyagoye yanibukije abagize inzego z’umutekano n’ukwivuna abansi ko bategerezwa gukorera abarundi bose batavangura.

Mubahawe izo nguvu n’ububasha bamwe bari imbere ya Musenyeri mukuru wa Diyoseze ya Bujumbura. Muribo harimwo umushikiranganji w’ukwivuna abansi n’uwumutekano.

Uwo wa nyuma niwe yari yaserukiye Perezida Pierre Nkurunziza murivyo birori.

Alain Guillaume Bunyoni yahamagariye abo basangiye ibanga mu gisirikare n’igipolisi kutavanga imirimo yabo na politike.

Yabahaye akarorero ka Evariste Ndayishimiye yatanze imihoho aja gutwara umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi avuye mu rwego rw’abasirikare bakuru.

Nk’uko vyagenze no mu yandi ma paroisse ya katolike mu Burundi, imisa yasozerewe n’urugendo ku mudiho w’abasirikare basanzwe bavuza umuziki mu misi mikuru y’igihugu.

Abagize inzego z’umutekano no kwivuna abansi batanguye guhimbariza hamwe umusi w’isakaramentu ryeranda mu mwaka w’I 2005.

Kuva bitanguye, ivyo birori bimaze gusiba rimwe gusa mu mwaka w’I 2015 bitewe n’ibihe vy’umutekano muke igihugu carimwo inyuma y’imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca perezida Nkurunziza n’ihirikwa ry’ubutegetsi vyaburijwemwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG