Uko wahagera

Siriya: Reta Yatanze Agahengwe k'Amasaha 48


Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje ko ishigikiye agahengwe ko guhagarika intambara mu kiringo c’amasaha mirongo ane n'umunani, katangajwe n’igisirikare ca Siriya, m’ubumanuko bw’Igihugu, yamara Amerika ivuga ko irindiriye kuraba ko vy’ukuri ako kahengwe kaja mu ngiro.

Mu gitondo co kur’uyu wa gatandatu, igisirikare ca Siriya cazindutse gitangaza ko gihagaritse intambara mu gisagara ca Deraa, mu ntumbero yo gukomeza akigoro ko gusubiza hamwe. Iryo tangazo ryasohotse mu gihe Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryari ryaramutse naryo ritangaza ko ibiganiro vy’amahoro bigiye gusubira guhuza ibihugu vyose vyegwa n’ico kibazo, mu kwezi kuza kw’indwi.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’Uburusiya navyo nyene vyaragiranye ibiganiro ku bijanye n’uburyo hoshirwaho uturere tw’umutekano muri Siriya, Igisagara ca Deraa kikaba ari kimwe mur’ivyo bisagara.

Amashirahamwe y’abaharanira agateka ka zina muntu muri Siriya amenyesha ko kuva iryo tangazo ryo guharika intambara muri Deraa risohotse, intambara zisa n’izagabanutse. Yamara umutegetsi mu barwanya Reta, yabwiye ikinyamakuru Reuters c’Ubwongereza, ko atacahindutse, ko intambara zibandanya uko zahora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG