Uko wahagera

Umutegetsi m'Umuhari wa Kisilamu Yaraguye mu Gitero


Igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika catangaje kur’uyu wa gatanu ko igitero c’indege giheruka kuba m’ubuseruko bwa Afuganistani, cahitanye umutegetsi akomeye w’Umuhari wa Reta ya Kisilamu.

Iryo tangazo rivuga ko uwo mugabo azwi kw’izina rya Jawad Khan, yar’umuyobozi mukuru ajejwe gutangaza amakuru, mw’ishami rya Khorasan, rizwi kw’izina rya ISIS-K. Ico gitero cabaye itariki zitatu z’uku kwezi kwa gatandatu, mu karere kari karimwo abangwanyi b’uwo muhari, basanzwe bafise ibirindiro muri Siriya.

Abasirikare ba Amerika bavuga ko Khan yar’umuhinga muvy’amakuru, kandi ko yahora adurumbanya itumatumanako ry’anmakuru muri Sirya. Bakavuga ko urupfu rwiwe ruzohungabanya ibikorwa vy’uwo muhari, rikagabanya iyinjiza ry’abanywanyi bashasha, hamwe n’ibikorwa vy’iterabwoba mu mahanga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG