Uko wahagera

Mike Pence Yagenye Umushingwamanza Wiwe


Mike Pence, icegera c'umukuru w'iguhugu muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.
Mike Pence, icegera c'umukuru w'iguhugu muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Icegera c’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Mike Pence yagenye , umushingwamanza Richard Cullen ngo azomubere umuhanuzi kandi azomwishurira ibibazo vy’umushikirizamanza adasanzwe Robert Mueller, aheruka kugenwa ngo atohoze kuvyagirizwa abegereye Perezida Trump n’imigenderanire boba bafitaniye n’Uburusiya.

Iyo ngingo ya Pence ije ikurikira iya perezida Trump nawe, haheze indwi nkeyi agenye umushingwamanza, Marc Kasowitz ngo amufashe mur’ico gihuhusi c’ivyo bakekwako n’ubutungane.

Ni mugihe kandi, ibinyamakuru muri Amerika mu makuru biriko bishikiriza ar’uko uwo mushikirizamanza mukuru adasanzwe ariko aratohoza nimba vy’ukuri Donald trump yoba yagomvye kuvogera ubutungane.

Abategetsi batari bake mu biro vy’umukuru w’igihugu, Maison Blanche bari k’urutonde rw’abazogirwako ayo matohoza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG