Uko wahagera

Umuriro Wadutse Mw'Igorofa i Londres


Abajejwe ibikorwa vyo gutabara I Londres m’Ubwongereza bariko barakora uko bashoboye kugira barokore abantu mu nyubakwa y’igorofa 27 yadutsemwo umuriro mw’ijoro ryo kur’uyu wa kabiri rishira uwa gatatu.

Abategetsi bo k’umurwa mukuru Londres bafise ubwoba ko ababa mur’iyo gorofa bagifatiweyo mur’uyo muriro, kandi abatari bake barimwo abana bataratorwa.

Umukuru w’ico gisagara, Sadiq Khan yavuze ko iryo sanganya rikomeye cane.

Igipolisi c’I Londres gitangaza ko abazimya imiriro bashika 200 bariko bararwana nawo, barondera n’abo borokora. Bafise ubwoba ko abantu bashobora kwicwa n’imyotsi.

Uyo muriro bavuga ko wadutse inyuma gato y’isaha indwi z’agatondo mu masaha y’I Londres.

Abakora amatohoza batanguye ariko gushik’ubu icawuteye ntikiramenyekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG