Uko wahagera

ONU Ifise Impungenge ku Bijanye n'Umurwi LRA


Joseph Kony
Joseph Kony

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatangaje ku musi wa kabiri ko ritewe amakenga n’ibibazo bishobora kwaduka mu karere ko muri Afrika yo hagati, inyuma yuko inteko za Uganda, Sudani yo mu bumanuko na Amerika zivuye mur’ako karere.

Izo nteko zari zimaze imyaka zikwirikirana umukuru w’umurwi w’abagwanya ubutegetsi bo mu murwi, Lord’s Resistance Army, mu mpfunyapfunyo, LRA, Joseph Kony.

Intumwa idasaznwe ya ONU, Francois Lounceny Fall, avuga kw’ibibazo umurwi LRA ubandanya gutera ku bijanye n’umutekano mu karere bitofatwa minenegwe, cane cane mu gihe inteko z’ibihugu vya Uganda na Sudani yo mu bumanuko zavuye mu nteko z’umurwanyo w’ibihugu vya Afrika mu karere, hamwe n’inteko zidasanzwe za Amerika.

Fall afise impungenge ku ngaruka ivyo bishobora kugira kubera umurwi LRA ushobora kuhabonera akaryo hamwe n’iyindwi mirwi ikorera mu karere.

Ivyo Fall yabitangarije mu rwego wa ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi.

.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG