Uko wahagera

Uburusiya: Navalny Yaciriwe Umunyororo w'Iminsi 30


Umunyepolitike Alexei Navalny (i buryo), atavuga rumwe n'ubutegetsi, m'Uburusiya
Umunyepolitike Alexei Navalny (i buryo), atavuga rumwe n'ubutegetsi, m'Uburusiya

Sentare y’Igihugu c’Uburusiya yaciriye urubanza umukuru w’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi, Alexei Navalny. Uyo munyepolitike aregwa kuba yaratunganije imyiyerekano k’umugwa mukuru w’Igihugu, yakatiwe umunyororo w’iminsi mirongo itatu.

Navalny yafashwe kur’uyu wa mbere, ari kumwe n’abanywanyi biwe baharurwa mu majana, baturuka mu mihingo itandukanye y’Igihugu. Mur’iyo myiyerekano, abo banyagihugu biyamirije ingendo yo kurya igiturire, batuma urutoke Prezida Vladimiri Putine n’abo bakorana.

Umuvugizi mu biro vya Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yatey’ivyatsi iryo pfungwa. Avuga ko gupfunga abanyagihugu bari mu myiyerekano ata mutekano bahungabanije, bagapfunga abaharanira agateka ka zina muntu hamwe n’abamenyeshamakuru ar’ugutyoza ingendo ya demokrasi. Amerika imenyesha ko ivyo izobandanya kubikurikiranira hafi, igasaba Reta y’Uburusiya kurekura mu maguru masha abafashwe.

Abamenyeshamakuru, co kimwe na rimwe mu mashirahamwe y’abaharanira agateka ka zina muntu m’Uburusiya, batangaje ko abantu bashika ku majnaa atandatu aribo bafashwe k’umurwa mukuru, I Moscou, hamwe n’abashika ku majana atatu bafatiwe mu gisagara ca Saint-Petersbourg.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG