Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yakoze Ikindi Gitero ca Misile


Isanamu y'igisasu ca misile, yerekanywe n'ikinyamakuru muri Koreya ya Ruguru
Isanamu y'igisasu ca misile, yerekanywe n'ikinyamakuru muri Koreya ya Ruguru

Koreya ya Ruguru yatangaje ko yakoze igitero co kugerageza misile balistike kandi ko cagenze neza. Ivyo vyatangajwe n’ikinyamakuru ca Reta gikorera k’umugwa mukuru wa Koreya ya Ruguru, kur’uyu wa mbere.

Ico kinyamakuru catangaje ko utunenge twaranze ibitero biheruka twakosowe. N’igitero kibaye inyuma y’iminsi mike abategetsi b’Ibihugu vya rutura, bari mu nama ya G7, basavye ko Koreya ya Ruguru yohagarika ivyo bitero.

Shinzo Abe, Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani yatangaje ko bagiye gukorana na Reta Zunze Ubumwe za Amerika kugira bashireho ingingo zigondoza Koreya ya Ruguru guhagarika ivyo bitero.

Prezida Donald Trump wa Amerika yanditse k’urubuga rwa Twitter ko Koreya ya Ruguru ibandanya kwica amatwi m’ukutumvira igihugu c’Ubushinwa, bituranye. Prezida Trump akavuga ko yizeye ko Ubushinwa buzogerageza kubangamira Koreya ya Ruguru m’umugambi wayo wo guhingura ivyo bigwanisho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG