Uko wahagera

Iraki: Igitero Cahitanye Abashika kuri 10


Ahabereye igitero, k'umugwa mukuru wa Iraki, i Bagdad.
Ahabereye igitero, k'umugwa mukuru wa Iraki, i Bagdad.

Imodoka itezwemwo ikibombe yaturitse k’umugoroba wo kur’uyu wa mbere, I Bagdad, k’umugwa mukuru wa Iraki. Ico gisasu cahitanye abantu cumi, n’abashika kuri mirongo ibiri na babiri bakomeretse.

Ico gitero kigize ica gatatu, mur’uku kwezi, kugizwe n’iminsi y’igisabisho ca Ramazani kuba isilamu, aho abayoboke b’iryo dini bagendera uburiro ari benshi, inyuma y’umunsi baba biriwe bari mu mafungo.

Gushik’ubu nta murwi n’umwe uriyitirira ico gitero. Yamara umuhari wa Reta ya Kisilamu uraregwa ibitero mwen’ivyo muri kahise, harimwo n’igitero kinini cabaye m’umwaka uheze, mu gihe nk’iki c’amafungo. Ico gitero cari cahitanye abantu baharurwa mu majana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG