Uko wahagera

Umubonano wa Mbere Hagati ya Macron na Putin


Perezida w'Ubufransa Emmanuel Macron yakira mugenzi we w'Uburusiya Vladimir Putin
Perezida w'Ubufransa Emmanuel Macron yakira mugenzi we w'Uburusiya Vladimir Putin

Perezida w’igihugu c’Ubufransa, Emmnanuel Macron yabonanye, amaso mu yandi, na perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin uno musi ku wa mbere.

Abo bategetsi babiri bahuriye mu ngoro ya Versailles hanze y’igisagara ca Paris aho baganiye ku bibazo bitoroshe vyerekeye Siriya na Ukraine.

Perezida Macron yatangaje ko bikenewe cane ko bavugana n’abategetsi b’Uburusiya kubera hari ibibazo bike bikomeye biraje ishinga amakungu bitazotorerwa inyishu kiretse bavuganye ata kury’umunwa n’Uburusiya.

Ambasaderi w’Uburusiya mu gihugu c’Ubufransa, Alexander Orlov yatangaje ko yizeye kw’ibiganiro hagati ya ba Perezida Macron na Putin bizotuma imigenderanire hagati y’ibihugu vyabo isubira kumera neza.

Imigenderanire hagati y’Ubufransa n’Uburusiya yaratosekaye ku ntwaro ya Perezida Francois Hollande.

Perezida Macron yatangaje kw’ata kintu na kimwe azohebera Uburusiya ku bijanye n’intambara iri mu gihugu ca Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG