Uko wahagera

Urupapuro rw'Inzira ku Bidadanzwa mu Burundi


Abakura umwimbu mu ntara ya Bubanza bawutwara mu zindi ntara z’igihugu bagiye kubikora babanje kuronswa urupapuro rw’inzira rutangwa na Buramatari w’iyo ntara.

Iyo ngingo ya Buramatari wa Bubanza ihuriranye n’iyimbura ry’impeshi.

Buramatari Tharcisse Niyongabo avuga ko iyo ngingo ifasha kugwanya urudandazwa rwa magendo.

Uwo mutegetsi yafashe iya mbere mu gutangaza iyo ngingo avuga ko yega intara zose z’igihugu mu ntumbero yo gukingira abanyagihugu barongoye inzara ishobora kwaduka nko mu mwaka uheze wa 2016.

Bamwe mu banya Bubanza bayaze n’Ijwi ry’Amerika bariko barimbura ivyo barimye mu gihe c’impeshi ntibakiriye neza iyo ngingo ya Buramatari.

Nk’abarimyi b’umuceri bavuga ko bari mu barimyi badandaza batumva ingene umwimbu baronse borinda kuja kuwusabira urupapuro kandi bakoresheje amafaranga y’ingurane.

Abadandaza ivyo bimbuye ku biterwa mbumarugo bavuga ko bimwe mu vyo bimbuye babishora mu masoko kugira boshobore kuronka ibindi bitimbuka mu ntara ya Bubanza.

Buramatari w’intara ya Bubanza aratahura ibivugwa n’abarimyi baba birimizi canke badandaza. Niyongabo avuga ko izo mpapuro ari ngombwa kugira hamenyekane igituma ivyo vyimburwa bigiye mu yindi mihngo y’igihugu.

Abo barimyi birimizi canke badandaza bavuga ko iyo ngingo ari nk’ibihano bagasaba ko yosubirwamwo.

Intara ya Bubanza iri mu zahuye n’ibibazo vy’inzara mu mwaka uheze kuko umwimbu w’agatasi wagenze nabi kubera uruzuba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG