Uko wahagera

Umubano Hagati y'Amerika n'Ubudage Si Shyashya


Chanceliere w’igihugu c’Ubudagi, Angela Merkel na Perezida Donald Trump
Chanceliere w’igihugu c’Ubudagi, Angela Merkel na Perezida Donald Trump

Chanceliere w’igihugu c’Ubudagi, Angela Merkel azobandanya kwiyemeza ku vyerekeye imigenderanire myiza hagati y’igihugu ciwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ivyo vyatangajwe n’umuvugizi wiwe, inyuma yuko Merkel avuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika kitakiri igihugu c’ukwizigirwa.

Umuvugizi wiwe, Steffen Seibert avuga ko kubera imigenderanzire hagati y’akarere k’i Bulaya na Amerika ikomeye cane, Merkel abona ko bikwiriye kw’avugisha ukuri ku vy’igihugu ciwe na Amerika bidahuriyeko.

Amenyesha kw’igihe c’ukuzera ku bandi carangiye. Avuga ko yavyiboneye mu kiringo c’imisi mikeyi irangiye.

Ivyo Merkel yabitangaje mu gikorwa c’ukwiyamamaza yariko agira mu ntara ya Baviere.

Angela Merkel, co kimwe n’abandi bategetsi b’ibihugu vy’i Bulaya yaranebaguye bikomeye ingingo ya perezida wa Amerika, Donald Trump y’ukudashigikira amasezerano yerekeye kurwanya ihindagurika ry’ibihe yateweko igikumu i Paris mu Bufransa mau mwaka w’i 2015.

Merkel avuga kw’ayo masezerano akomeye cane ku buryo ata numwe yoyanebagura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG