Uko wahagera

Umunsi Wahariwe Kwibuka Muri Amerika


Reta Zunze Ubumwe za Amerika zahimbaje umusi wahariwe kwibuka abapfuye ku rugamba bariko bakingira igihugu.

Uyu musi utera iteka abantu bose bapfuye bariko bakingira amerika n'amateka yayo. Inama nshingamateka yatangaje uwo musi kw’ari umusi w’akaruhuko ku bakozi ba Reta mu mwaka w’i 1971. Uyu musi wibukwa mu gihugu cose.

I Washington, vyitezwe ko Perezida Donald Trump ashira urugoro rw’amashurwe ku mva ku ncungu ya Amerika itamenyekanye mu gisagara ca Arlington, hanze y’igisagara ca Washington.

Abagize ishirahamwe ry’abasekombata baharanira amahoro bariko bakoraniye i Washington aho bariko biyamiriza umugambi werekeye amafranga Reta izokoresha washikirijwe na Perezida Trump.

Umusi w’ukwibuka abantu bose batanze ubuzima bwabo bariko bakingira Amerika watanguye mu mwaka w’i 1865, gatoyi inyuma y’ingwano yabaye hagati y’uburaruko n’ubumanuko bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG