Uko wahagera

Burundi: Abayobozi b'Amashure Bamwe Bagira Birukanwe


Umushikiranganji w’indero Janviere Ndirahisha
Umushikiranganji w’indero Janviere Ndirahisha

Abayobozi bose amashure yabo yaronse amanota ari musi ya 30 kw'ijana mu bibazo vya Leta mu myaka ibiri iheze bazobogozwa muri uyu mwaka w’ishure wimirije.

Iyo ngingo yafashwe n'umushikiranganji w’indero Janviere Ndirahisha mu ntumbero yo kugarukana akanovera k’inyigisho n’ubumenyi.

Sendika y’abigisha bo mu mashure yisumbuye CONAPES isanga iyo ngingo ubwayo ikwiye.

Umukuru w’iyo sendika Emmanuel Mashandari avuga ko hari hakwiye kubanza gukorwa ibindi bintu birimwo ukuronsa ibitabu bikwiye abanyeshure no ukugabanya ubwinshi bw'abanyeshure mu mashure.

Umushikiranganji Ndirahisha mu rwandiko rwiwe aherutse gusohora asigura ko ubumenyi bukwiye bw’umuyobozi bubonekera mu manota abanyeshure b’ishure arongoye baronka mu bibazo vyo ku rwego rw’igihugu. N’ukuvuga ibibazo biha uburenganzira abanyeshure kuja mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro hamwe n’ikibazo giha uburenganzira abahejeje amashure yisumbuye kuja muri kaminuza.

Ndirahisha asigura ko amanota ari musi ya 30 kw’ijana murivyo bibazo yerekana ko umuyobozi w’ishure ata bumenyi n’ubushobozi afise bikwiye vyo gutunganya neza abana kugira baronke inyigisho z’akanovera.

Umushikiranganji w’indero anavuga ko iyi ngingo ije gushira mu ngiro ivyo yasabwe n’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa mbere uyu mwaka.

Iyi ngingo y’umushikiranganji w’indero ije mu gihe kuva mu mwaka uheze ikibazo ca leta cahora gikorwa mu mwaka wa gatandatu w’amashure y’intango cabaha uburenganzira bwo kuja muyisumbuye cimuriwe mu mwaka w’icenda kubera intunganyo y’ishure nshingiro.

Mu mwaka uheze, abanyeshure barenga ibihumbi 80 nibo bananiwe ico kibazo kibaha uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG