Uko wahagera

Al-Shabab Yicishije Umuntu Amabuye muri Somaliya


Umugabo w’imyaka 44 yaraye yicishijwe n’amabuye yatewe n’abagwanyi ba al-shaba mukarere ka Rama Addey mu bumanuko bwa Somaliya.

Ku rubuga gwa internet rwa al-Shabab, bavuga k’uwo mugabo yagirigwa icaha c’ubusambanyi mu kigwati ca Ufurow kubirometero 60 uvuye mu gisagara ca Baidoa. Al-Shabab ivuga ko kw’ itariki ya 20 z’uku kwezi kwa gatanu niho bamenyeshejwe ko ubwo busambanyi bwakozwe, bivuye mumuryango w’umugore yari aburimwo.

Mu majwi yashizwe ku rubuga rwabo kuri internet ejo ku musi wa mungu, umucamaza wo muri uwo mugwi w’abagwanyi avuga ko uwitwa Dhaywo Mohamed Hassan yemeye icese ko yarenze ibigo kubagore babiri asanzwe afise. Al-Shabab imwamgiriza kandi ko yateye inda umugore atari umwe muri abo yubakanye.

Si ubwambere uwo mugwi w’abagwanyi uhana umuntu umwicisha amabuye.

Sheikh Abdirahman Sharif umwe mu bayobozi b’inyigisho z’idini rya ki Islamu avuga k’ubwo bwicanyi buteye kubiri n’amategeko kandi k’uwo mugwi udafise uburenganzira bwo guhana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG