Uko wahagera

Umuziki inyuma y'igitero c’iterabwoba


Manchester Suicide Bombing
Manchester Suicide Bombing

Abanyagihugu bahahamukijwe n’igitero c'iterabwoba giheruka kubera mu gisagara ca Manchester mu bwongereza bariko baragerageza kwinezereza muri iyi misi irangiza indwi. Aho ni mugihe abacuraranzi b’imiziki bakoranije abakunzi b'umuziki bashika kubihumbi mirongo itanu muri ico gisagara. Ivyo biteramo bibaye ivyambere bikomeye bitunganijwe muri ico gisagara kuva habaye igitero c’ubwihevyi cagizwe ku musi wambere muri iyi ndwi.

Yamara, igitigiri c’abajejwe gucungera umutekano congerejwe mu kibanza ciswe Old Trafford Cricket Ground kiri ku nkengera z’ico gisagara ca Manchester cabereyemwo igitoro c’iterabwoba. Imigwi y’abacuraranzi biswe Courterneers, Charlatans, Blossoms na Cabbage, nibo bagiye kuhavugiriza umuziki.

Ku mvo z’umutekano, abitabira ivyo birori basabwa gushika kare kandi bakaza batitwaje amasakoshi. Abajejwe umutekano bari kuri buri metero mirongo itanu y’inzira igana muri ico kibanza ibirori biberamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG