Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko: Umunyamakuru Livio Yarekuwe


Oliver Modi, umuyobozi w'Ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru bo muri Sudani y'Ubumanuko (hagati)
Oliver Modi, umuyobozi w'Ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru bo muri Sudani y'Ubumanuko (hagati)

Abategetsi ba Sudani y’ubumanuko bararekuye umumenyeshamakuru kur’uyu wa kane, yari yatawe mu mvuto kuva itariki mirongo ibiri na zibiri z’ukwezi kw’umunani, mu bihumbi bibiri na cumi na kane. George Livio, yakorera iradiyo Miraya FM, isanzwe ifashwa n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, yari yafashwe n’abajejwe umutekano, apfungirwa mu kibanza kitamenyekanye.

Ishirahamwe ONU ntaco ryatangaje ku bijanye n’irekugwa ry’uwo mumenyeshamakuru, naho ryashishikaye gusaba kwarekugwa, we n’abagenzi we babiri bafashwe nabo nyene m'umwaka w'ibihugu bibiri na cumi na kane. Amashirahamwe y’abaharanira agateka ka zina muntu atari make, yarasavye Prezida Salva Kiir, gufasha kugira Livio arekurwe.

George Livio yatangaje ko atigezwe amenyeshwa igituma yatawe mu mvuto, yamara ko yumvise bivugwa ko Reta yoba yamuhoye gukorana na Riek Machar, yahoze ar’icegera ca mbere c’Umukuru w’Igihugu.

Umugwi ujejwe gukingira abamenyeshamakuru, uvuga ko abamenyeshamakuru bashika kuri batanu bamaze kwicwa kuva Sudani y’Ubumanuko yikukiye, m'umwaka w'ibihumbi bibiri na cumi na rimwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG