Uko wahagera

Zambiya: Kwimura Umurwa Mukuru Biriyumvirwako


Umurwa mukuru Lusaka wa zambiya
Umurwa mukuru Lusaka wa zambiya

Igihugu ca Zambiya kiriko kirihweza iciyumviro c’ukwimura umurwa mukuru waco mu gice ca Ngabwe kiri hagati mu gihugu ata bantu benshi bahaba.

Ivyo vyatangajwe, kur'uyu musi ku wa kane, n’umushikiranganji ajejwe iterambere n’imigambi ya Reta muri Zambiya, Lucky Mulusa. Lusaka wabaye umurwa mukuru wa Zambiya kuva mu mwaka w’i 1935 igihe Zambiya yar’izwi kw’izina rya Northern Rhodesia ku ntwaro ya gikoloni y’Abongereza.

Mulusa avuga ko mu kiringo c’imyaka cumi yimirije, abantu batazoba bagishobora gukorera imirimo yabo ku murwa mukuru, Lusaka kubera huzuranye.

Amenyesha kw’igisagara ca Lusaka kirimwo abantu umurengera. Atangaza ko kubera izo mvo igikeneye gukorwa ar’ukwimura umurwa mukuru.

Mulusa amenyesha ko vyari bitegekanijwe ko Reta ya Perezida Edgar Lungu iganira ivyerekeye iyo ngingo mu kiringo c’indwi zibiri zimirije.

Ngabwe n’igice co hagati mu gihugu ca Zambiya kitazwi cane. Ico gice kiri hafi y’ibilometero 120 mu buraruko bw’umurwa mukuru, Lusaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG