Uko wahagera

Ibitero vya al-Shabab muri Somaliya na Kenya


Ahabereye igitero muri Somaliya
Ahabereye igitero muri Somaliya

Umurwi w’iterabwoba al-Shabab watangaje kur’uyu wa kabiri ko ariwo wakoze ibitero bitatu mu gihugu ca Somaliya, no muri Kenya, ibitero vyahitanye abantu cumi na batandatu, bagizwe ahanini n’abapolisi hamwe n’abajejwe umutekano.

Ivyo bitero bibaye inyuma y’aho Reta ya Somaliya ikoreye mu minsi iheze ibitero ku bagwanyi ba al-Shabab. Abategetsi ba Somaliya batangaje ko mu gitero cabaye kur’uyu wa gatatu, cahitanye abashika k'umunani, n’abandi cumi na batanu bakomeretse. Ico gitero cabereye ku kivuko kiri k’umugwa mukuru wa Somaliya, I Mogadiscio.

Mw’itangazo ryasohowe n’umurwi al-Shabab, aho wemanga kw’ariwo wakoze ivyo bitero, uvuga ko warufise intumbero yo gutera abapolisi hamwe n’abajejwe iperereza.

Nayo mu gihugu ca Kenya, abategetsi batangaje ko abajejwe umutekano bashika ku munani aribo bahitanywe n’ibitero bibiri vyabereye k’umupaka wa Kenya na Somaliya, m’uburaruko bushira ubuseruko bw’ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG