Uko wahagera

Libiya Yafashe Umuvukanyi w'Uwakoze Igitero m'Ubwongereza


Abajejwe umutekano mu gihugu ca Libiya batangaje ko bafashe umusore avukana na Salman Abedi, yakoze igitero giheruka kubera mu gisagara ca Manchester, m’Ubwongereza, hamwe na se wiwe.

Umuvugizi w’igipolisi ca Libiya, kijejwe kugwanya iterabwoba, yavuze ko Hashim Abedi avukana na nyene gukora igitero, yavuganye nawe, kandi ko yarazi umugambi w’ico gitero.

Se wiwe ariyamiriza iryo terabwoba. Akavuga kandi ko umuhungu wiwe atar’asanzwe ar’umwiyahuzi, yamara ko ataco yari yamubwiye ku bijanye n’urugendo rwiwe m’Ubwongereza, imbere y’uko ava muri Libiya.

Ian Hopkins, umukuru w’igipolisi muri Manchester, avuga ko bigaragara ko har’umurwi munini w’abiyahuzi, kandi ko Abedi atikoranye ico gitero. Hopkins avuga kandi ko bariko barakora amatohoza kur’uwo mugwi. Ni mu gihe umuhari wa Reta ya Kisilamu wemanze kw’ari wo wakoze ico gitero, yamara abajejwe amatohoza, m’Ubuwongereza no muri Amerika nta nakimwe bemeje kur’ivyo.

Igitero cabereye muri Manchester, k’umunsi wa mbere, cahitanye abantu mirongo ibiri na babiri, congerera gikomeretsa abarenga mirongo itanu, mu kibanza cariko kiberamwo igiteramo c’umuririmvyi w’umunyamerika, Ariana Grande.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG