Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko Yugaye Imipaka Kubera Ebola


Abategetsi b’Igihugu ca Sudani y’Ubumanuko batangaje ko imipaka ico gihugu gihana na Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo yugawe, mu ntumbero yo kwirinda ikiza ca Ebola cica, catangajwe n’Ishami ry’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, OMS, haraheze indwi zibiri. Ni mu gihe OMS imaze gutangaza ko abantu bane bahitanywe na Ebola muri Kongo.

Lino Utu, icegera ca Buramatari wa Reta ya Tambura, muri Sudani y’Ubumanuko yatangaje ko bahagaritse uruja n’uruza rw’abantu n’ibintu k’umupaka wa Ezo, gushika hasohotse irindi tegeko. Utu yavuze ko ako karere karangurirwamwo ibikorwa bitari bike, kandi ko abantu baho bafitaniye imigenderanire ikomeye y’urudandaza.

Utu yatangaje kandi ko abakozi b’amashirahamwe mpuzamakungu, harimwo n’abo muri OMS, ubu bari mu gikorwa co guhimiriza abanyagihugu ku bijanye no kubigisha uburyo iyo ndwara yirara mu bantu.

Abategetsi bo muri Reta ya Gbudue, nayo nyene ihana urubibe na Kongo, batangaje ko urudandaza rw’inyama rwabaye rurahagarikwa mur’ako karere, mu ntumbero yo gucungera uruja n’uruza rw’abadandaza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG