Uko wahagera

Israyeli Yiteguye Gusubiza Hamwe na Palestina


Prezida Trump (i bubamfu), Benjamin Netanyahu, Umushikiranganji wa mbere wa Israyeli (i bubamfu)
Prezida Trump (i bubamfu), Benjamin Netanyahu, Umushikiranganji wa mbere wa Israyeli (i bubamfu)

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje kur’uyu wa kabiri ko Israyeli hamwe na Palestina vyiteguye gusubiza hamwe, kugira amahoro aboneke. Prezida Trump yabitangaje ari kumwe n’umushikiranganji wa mbere wa Israyeli, Benjamin Netanyahu, mu nyubakwa ndangamico muri Israyeli.

Prezida Trump yakoranye umubonano na Netanyahu, kur’uyu wa kabiri, inyuma y’urugendo yakoze muri Cisjordanie, m’umubonano w’isaha imwe yagiranye na Prezida Mahmoud Abbas, wa Palestina. Kubwa Prezida Trump ngo amahoro arashobora kugaruka, ari hamwe bashize hasi umubabaro, n’ivyo batumvikanako, bimaze imyaka hafi mirongo itanu bibatandukanya.

Mw’ijambo yashikirije, Prezida Trump ntaco yigeze avuga ku bijanye n’akarere Israyeli yigaruriye, canke gutora umuti w’ayo matati biciye mu gushinga ama Reta abiri. Ibibazo bisanzwe ari navyo biraje ishinga Palestina.

Prezida Trump yavuye aho muri Israyeli, aca aja i Roma, m’Ubutaliyano. Ategekanya kubonana n’Umwungere w’Ishengero Katolika kur’uyu wa gatatu. Imbere y’uko afata urugendo rumuganisha mu gihugu c’Ububirigi, kur’uyu wa kane, Prezida Trump akazobonana kandi n’Umukuru w’Igihugu hamwe n’Umushikiranganji wa mbere aho m’Ubutaliyano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG