Uko wahagera

Reta ya Gambiya Yafashe Ubutunzi bwa Yahya Jammeh


Yahya Jammeh, ari kumwe n'abategetsi bo mu karere ka Afrika y'Uburengero
Yahya Jammeh, ari kumwe n'abategetsi bo mu karere ka Afrika y'Uburengero

Reta ya Gambiya yasohoye itegeko ryo gufata ubutunzi bwa Yahya Jammeh yahora atwara ico Gihugu, kur’uyu wa mbere. Ubwo butunzi bugizwe n’ububiko bw’amafaranga bugera kuri mirongo icenda, hamwe n’ama sosiyeti ashika kuri cumi n'ane.

Umushikiranji w’ubutungane, Abubacarr Tambadou, yemeje ko Jammeh yagiye asahuye amafaranga ahurugwa mu miliyoni mirongo itanu z’amadorari, imbere y’uko ahunga Gambiya, agana Igihugu ca Guinee Equatoriale, m’ukwezi kwa mbere. Gushik’ubu Jammeh n’abo bakorana bakaba ataco baravuga kuva bavuye mu gihugu.

Yahya Jammeh yatsinzwe amatora y’Umukuru w’Igihugu yabaye m’ukwezi kwa cumi na kabiri, m’umwaka uheze, akaba yaramaze imyaka mirongo ibiri n'ibiri ari k’ubutegetsi. Uretse ubutunzi yagiye asahuye, abakora amatohoza bamenyesha kandi ko bari mu gikorwa co kurondera abantu batari bake, babuzwe irengero ryabo ku ntwaro ya Yahya Jammeh.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG