Uko wahagera

Inama Yihutirwa ya ONU ku Bitero vya Koreya ya Ruguru


Inama y'umutekano ya ONU
Inama y'umutekano ya ONU

Abagize Inama y’umutekano mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU bateguye inama yihutirwa kugira bige ku kibazo kijanye n’ibigwanisho vya misile balistike, biterwa na Koreya ya Ruguru.

Iyo nama, itegekanijwe kuba kur’uyu wa kabiri, yatumweko n’ibihugu vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Koreya y’Epfo hamwe n’Ubuyapani, nk’uko vyatangajwe n’umurwi wa Uruguay.

Abahinga baturuka muri Koreya y’Epfo bamenyesha ko k’umuhingamo wo k’umunsi w’Imana Koreya ya Ruguru yateye misile, iturutse mu ntara ya Pyeongan, m’ubumanuko bw’ico gihugu. Iyo misile yagenze ibirometero amajana atanu, imbere y’uko igwa mw’ibahari ry’Ubuyapani.

Itangazo rya Amerika ryasohotse inyuma y’aho Prezida Moon Jae-a wa Koreya y’Epfo atumiyeko inama y’umutekano ya ONU kubijanye n’ibitero vy’izo misile. Shinzo Abe, Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani nawe avuga ko ico ar’ikibazo gihanze amakungu.

Igitero ca misile balistike Koreya ya Ruguru yakoze kur’uyu w’Imana kibaye ic’icumi iteye mur’uyu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi n'indwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG