Uko wahagera

Perezida Trump Mu Rugendo Rwiwe rwa Mbere muri Isirayeli


Perezida Donald Trump afashe Urugendo rumushikana muri Isirayeli, avuye muri Arabiya Sawudite.
Perezida Donald Trump afashe Urugendo rumushikana muri Isirayeli, avuye muri Arabiya Sawudite.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika kur’uyu wa mbere yitezwe muri Isirayeli. Buzoba bubaye ubwa mbere agendera ico gihugu kuva atorewe kurongora Amerika. Agiye kuganira kubiganiro vy’amahoro bimaze igihe kitari gito vyaradindiye hagati ya Isirayeli n’abanyepalestina.

Trump ategekanya kubonana n’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu, arashira kandi urugori rw’amashurwe ku cibutso c’abahitanwe n’ihonyabwoko kiri ahitwa Yad Vashem.

Arabonana kandi na Perezida Mahmoud Abbas wa Palestina. Azoba abaye umukuru wa Reta zunze ubumwe z’Amerika wa mbere agize urugendo ku ruhome ruri mu burengero rugabura ivyo bihugu bibiri, ni kandi ikibanza ceranda kubayahudi.

Mwibuke ko Trump, yiyita uwukomeye mu gufundika amasezerano, yavuze ko ikibazo c’amahoro hagati ya Isirayeli na Palestina ar’ikintu agiye kwihutira gukemura. Ariko kuva aho ashikiriye ubutegetsi ntabigaragara arashikiriza vy’ingene azokora ico gikorwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG